Ticker

6/recent/ticker-posts

Gahugu kanje keza nakunze Lyrics by Barakamfitiye

Gahugu kanje keza nakunze kama ku mutima
Uri gatoya ufise ubutore be n‘intwaro y‘intwari
Urampimbara ntaco noguha nkwipfurije vyinshi


 

Ni urambe usagarare
Waribarutse imfura nyazo
Ziharanira amajambere
Nta murundi w’umutima yovyibagira

 

Senga ry’insangi riva ku Mana, kamwa amata n’ubuki
Warahahajwe, urahenagurwa, mpore ntiwatemvye
Iyakuremye n’ikuzigame ntuzogwe mw’isanganya

 

Ni urambe usagarare
Waribarutse imfura nyazo
Ziharanira amajambere
Nta murundi w’umutima yovyibagira

 

Urangwa ku mutima wa Afrika iteka n‘ itekane
Abo wavyaye urabegeranya, nta murozi, nta mwansi
Azokwigera ahirahira ngo agukore mu kwaha

 

Ni urambe usagarare 
Waribarutse imfura nyazo
Ziharanira amajambere
Nta murundi w’umutima yovyibagira

 

Ewe Burundi abatakuzi bazotira akarembe
Bave kw‘ihanga bagane iyo uri wewe karaba uhore
Bazova iwacu bata amacumu baririmba bati :

 

Ni urambe usagarare
Waribarutse imfura nyazo
Ziharanira amajambere
Nta murundi w’umutima yovyibagira


Publicar un comentario

0 Comentarios