Kera nkiri iwacu
 Ukinyereka urukundo
 Warampaya ukampayagiza
 Nanje agati muryinyo
 Nti ni uyo ,
mmmhh mmmhh mmmhh,mmmhh 
Nibutse kera ukunyiza 
Kukwita monsheri (mon cheri) monamuru (mon amour) 
Ukinyita arikansiyeri (arc-en-ciel) 
Ningene ubu undiriye munzu  
Verema( vraiment) Amosozi aricunda, 
mmmh mmhh, mmmhh 
Mukobwa ndagowe 
Ehe abana dufise batanu 
Usigaye ubantana munzu 
Ugataha rimwe mumezi abiri 
Kandi ushitse nkarara kumahiri 
Untuka ngo nsa n’umwavu 
Rukundo undiye ataco umpoye 
Hari ikintu wibagiye 
Ehe ubu ndi nyina w’abana 
Sinkiri yankumi yishinga amaparufe( parfum) 
Baza umutima uwu munsi tuganire 
Kandi ivyo nawe urabizi 
Ntugire ngo ni kera nkiri inkumi 
Nkifise umwanya w’igisokozo 
Icirore n’akabuye ko kwica amaga 
Rime(lime) na vereni(vernis) inzara zigashaza 
Nkiri aramode (àla mode) 
Nkifise amasigise( succès) 
Ukimpaya ngo ndi isaka rishuritse ibikorwa 
Rikamurwa amahoro 
Ngo ni jewe rumuri rw’ubuzima bwawe 
Ngo ndi imfura y’abavyeyi 
Noneho ubu urantaye 
Urigumuye ukurikiye inkumi 
Mbega aho izoburira umwanya nkanje 
Kubera ibikorwa n’uruvyaro 
Uzoyita urondere iyindi 
Canke bizogenda gute 
Reka kwitesha agaciro 
Reka kwiminimiza ( se minimiser) 
Heba ugaruke abana tubahe akarorero keza 
Tubahe indero ndundi , indero runtu 
Mukobwa ndagowe 
(mmmhh mmmhh,mmmhhh,mmmmhh), 
mukobwa ndagowe
(mmhh,mmhh,mmmhh,mmmhh,mmmhh) 
Mukobwa ndagowe 
(mmmhh mmmhh,mmmhhh,mmmmhh), 
mukobwa ndagowe 
Ya tanderese (tendresse) 
Mukobwa ndagowe 
Ya ma poromese (promesse) 
Mukobwa ndagowe 
Naza jeteme (je t’aime) Vyagiye hehe , 
Mukobwa ndagowe, 
Vyaciye hehe , 
Mukobwa ndagowe, 
mmmhh,mmmhhh,mmmmh, 
Mukobwa ndagowe 
mmmhh,mmmhh,mmmhhh , 
Mukobwa ndagowe 
Ya tanderese (tendresse) 
Mukobwa ndagowe 
Ya ma poromese (promesse) 
Mukobwa ndagowe 
Naza jeteme (je t’aime) 
Vyagiye he 
Mukobwa ndagowe 
Vyaciye hehe, 
Mukobwa ndagowe 
Vyagiye hehe 
Wabishize hehe 
Mukobwa ndagowe, 
Wabitaye hehe 
Mukobwa ndagowe 
mmmmmmmmmmmmmmhhhh 
Mukobwa ndagowe 
Mukobwa ndagowe 
mmmhhh, mmmmh,mmmmhh 
Mukobwa ndagowe 
Mukobwa ndagowe 
Vyagiye hehe 
Mukobwa ndagowe 
Vyaciye hehe 
Mukobwa ndagowe 
Vyumiye hehe 
Mukobwa ndagowe 
Vyagiye hehe 
Mukobwa ndagowe 
Vyaciye hehe 
Mukobwa ndagowe

 
 
 Entradas
Entradas
 
 
0 Comentarios