Ticker

6/recent/ticker-posts

Agahinda by Pazzos Bi

Agahinda by Pazzos Bi

Texte complet ou Official Lyrics

Abantu turasa ariko ntidusangiye imitima

Hari abo urweze barangwa n’urukundo imbere y’abandi

N’abandi aho ugeze bakuvuma ukamengo nturi umuntu

Bakagutera agahinda kumutima utari uvyiteze

N’abandi bakugirira umwikomo ntibabikubwire

Bakakureka ariko umutima wo atamahoro ufise

None mwese murinze iki muguharanira amahoro

Hari abagowe bamana amaganya je ndabibabwiye

Niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka

Nakare ngo amosozi y’umugabo atemba aja mu nda

Na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza

Umuntu wese afise uko Imana yamugeneye kubaho.

Ikintu gihahamura umutima ni akarenganyo

Umuntu aracinyizwa bakamurengera agateka

Ariko abuze ikimuremesha ashobora guta ukwizera

Akabona yuko Imana yo isa niyamuhevye

Igitangaje nuko Imana yatugeneye igihe

Ugira neza ukora nabi imbere yayo uzoshika wishura

Ariko hari abibaza ko ngaha kw’isi vyose ari ivyabo

Amaruhiro uwo musi uzoshika twe tukavyishura

Niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka

Nakare ngo amosozi y’umugabo atemba aja mu nda

Na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza

Umuntu wese afise uko Imana yamugeneye kubaho.

Nakare Imana yaduhaye ubwenge kugirango dukore

Ariko sivyiza ko twebwe duca tubukoresha nabi

Yaraduhaye amabwirizwa kugira ntituyarenge

Twayahawe n’uwuganza ijuru n’isi we yaturemye

None iyi si yacu kuki yirirwa mugicumuro no mu ntambara

Abantu bagatikira kandi twese twari abavukanyi

Muntu wese waremwe aha kw’isi nukorere Imana

Ntuzomaramare uwo musi wo gushikayo ukugezeho

Niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka

Nakare ngo amosozi y’umugabo atemba aja mu nda

Na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza

Umuntu wese afise uko Imana yamugeneye kubaho.

Niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka

Nakare ngo amosozi y’umugabo atemba aja mu nda

Na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza

Umuntu wese afise uko Imana yamugeneye kubaho.

#AGAHINDA, c'est une chanson de l'artiste @PAZZOS BI, qui incite l'amour et la paix dans la société. En plus, seon #Pazzos_Bi, Agahinda c'est une chanson en Kirundi, de #consolation pour les souffrants.

Publicar un comentario

0 Comentarios