Ticker

6/recent/ticker-posts

Pazzos Bi - Garukira Igiti Remix

Garukira igiti murundi, tubungabunge amashamba
Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije

Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije.

Igiti burya ni ngirakamaro, kidufitiye akamaro kanini
Naho dutako tukabirenga, kiradufasha ibintu vyinshi
Tekereza witegereze hano, Imana ikunda abarundi
Igihugu cacu yo kiratatse n'ivyiza vy'ibiti vyacu
Mu kwubaka (yoyoyo), igiti kiduteza agateka
Inzugi ziri kumazu, Ni ivyiza vy'uburundi
Amadirisha ameza meza meza, ni ivyiza vy'uburundi.

Garukira igiti murundi, tubungabunge amashamba
Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije
Garukira igiti murundi, tubungabunge amashamba
Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije.

Murundi murundi kazi, nitwiteho gutera ibiti
Twikingire rino zuba, turonderere isi imvura
Mu gukingira ino si yacu, igiti burya kiradufasha
Nureke gusamara wewe utabona akamaro kaco
Ni ngira akamaro (yoyoyo) nivyo usangana ivyamwa
Igiti ni ngirakamaro, Kidufasha muri vyinshi
Mugukingira isi ukugadagurika, kidufasha muri vyinshi.

Garukira igiti murundi, tubungabunge amashamba
Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije
Garukira igiti murundi, tubungabunge amashamba
Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije.

Uteme igiti wiyubara, tukironderere agateka
Teme igiti uteye ibindi bibiri dutake igihugu cacu
Dusonere ubuzima bwaco, tukironderere agateka
Muntu uriko utema igiti ntiwibagare akaranga
K'abo hambere (yoyoyo) ko gutyorora uburundi
Murundi murundikazi, igiti burya ni ngirakamaro
Rwaruka Burundi bw'ejo, igiti burya ni ngira kamaro.

Garukira igiti murundi, tubungabunge amashamba
Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije
Garukira igiti murundi, tubungabunge amashamba
Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije.

Garukira igiti murundi, tubungabunge amashamba
Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije
Garukira igiti murundi, tubungabunge amashamba
Y'akamaro kanini mu gihugu cacu, dukingire ibidukikije.

Publicar un comentario

0 Comentarios